Uko wahagera

MSF Iratabariza Abatuye Borno muri Nijeriya


Ishirahamwe ry’Abaganga batagira imbibe (Medecins Sans Frontiere) risaba amakungu gufasha vyihuta abantu bashika ku 500.000 basinzikajwe n’inzara, kubura ubuvuzi, amazi n’uburaro. Aho ni mu gisagara ca Borno, kiri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya, cugarijwe n’intambara.

Iryo shirahamwe ivuga ko ivyo bibazo vy’inzara n’ibindi vyadutse mur’ako karere kubera intambara iri hagati y’igisirikare ca Nijeriya n’abagwanyi ba Boko Haram.

Reta ya Nijeriya ibifashijwemwo na Medecins Sans Frontieres, iramaze kwimura abashika ku 1.500, basinzikaye cane, ibakura mur’ako karere kugarijwe n’intambara. Ishirahamwe ry’Abaganga Batagira Imbibe, rya Abashika ku 1.500 barasinkajwe n’indwara hamwe n’inzara.

Medecins Sans Frontieres ivuga ko igisagara ca Monguno, gisanzwe kibamwo abantu bashika ku 150.000, abashgera ku 65.000 ar’impunzi, bakaba batagira ubuvuzi kuva mu kwezi kwa mbere kw’2015.

XS
SM
MD
LG