Uko wahagera

Urunani rw'Imigambwe ADC-Ikibiri Ruriyamiriza Integuro y'Itegeko Rigenga Imigambwe


Umuvugizi w'imigambwe itemera ivyavuye mu matora yo mu 2010, yatangaje ko batemera integuro y'itegeko rishasha rigenga imigambwe rigiye gusohora mu misi iri imbere

Mu kiganiro urunani ADC-Ikibiri yahaye abamenyeshamakuru kur'uyu wa mbere,igenekerezo rya kane, ry’ukwezi kwa kane, umuvugizi w'imigambwe itemera ivyavuye mu matora yo mu 2010, Chauvieau Mugwengezo, yatangaje ko batemera integuro y'itegeko rigenga imiigambwe reta y'Uburundi yipfuza gusohora ngo risubirire iryahahora.

Ku bwa Chauvineau Mugwengezo, iyo nteguro igiye kurungikwa mu nama nshingamateka, mu misi iza, ngo irimwo utunenge twinshi. Akarorero ngo n'uko iyo nteguro idatandukanya neza ibiranga imigambwe. Igikomeye imigambwe y’urunani ADC-Ikibiri irongera ikiyamiriza ugusubira gusaba kwemererwa gukorera ku mugaragaro nk’uko iyo nteguro ibitegeka

Umuvugizi wa ADC-Ikibiri yagiriza reta ko itegeka imigambwe gusubira gusaba kwemererwa. Iyo ikaba ari intumbero yo gufuta imigambwe itavuga rumwe na reta, cane cane iyiyamirije amatora yo mu 2010. Mu bushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu, bisigura bavuga ko iyo nteguro nshasha ije kwerekana neza imigambwe ikora. ku bw'umushikiranganji Edouard Nduwimana, kandi ngo imigambwe myinshi isigaye iri ku mpapuro gusa.

Iyo nteguro y'itegeko rigenga imigambwe iriko itegurwa mu gihe abakuru b'imigambwe itatu, Rwasa Agathon wa FNL, Léonard Nyangoma wa CNDD na Alexis Sinduhije wa MSD bahunze igihugu, bavuga ko umutekano wabo ubangamiwe kubera banse kwemera ivyavuye mu matora. Urunani ADC-Ikibiri rugizwe n'imigambwe cumi n'umwe itavuga rumwe na reta. Mu Burundi haharurwa imigambwe ishika mirongo ine n'itatu

XS
SM
MD
LG