Uko wahagera

Umukuru w'Ikinyamakuru Net Press mw'Ibohero i Bujumbura


Mu kiringo c’amasaha abiri, Jean Claude Kavumbagu yabajijwe ibibazo vyinshi bijanye n'inkuru yanditse, yerekeye ibitero vy’umuhari w'intagondwa z'abanya Somaliya, al-Shabaab.

Jean Claude Kavumbagu, umukuru w'ikinyamakuru Net Press yaraye mw'ibohero rikuru ry'i Bujumbura, kw’igenekerezo rya mirongo ibiri na kane, ukwezi kw’indwi, umwaka wi 2010. Umukuru w'urwego rw'abaporisi mu karere ko mu burengero bw'Uburundi, Koroneri David Nikiza niwe yamuhagaritse, ku mutahe w'umushikirizamanza wa Repubulika i Bujumbura. Jean Claude yabajijwe ibibazo vyinshi bijanye n'inkuru yanditse kw'igenekerezo rya cumi na kabiri, ukwezi kw’indwi, ku bijanye n'ibitero umuhari w'intagondwa z'Abasomaliya al-Shabaab. Inyuma y'amasaha abiri umushikirizamanza mukuru wa repubulika i Bujumbura yaciye afata ingingo yo kumurungika mw'ibohero Mpimba.

Mu nkuru yanditse, Jean Claude Kavumbagu yavuze ko bitazokworohera inzego z'umutekano mu Burundi, kugwanya ibitero vy'aba Somalia. Avuga ko vyoba vyiza Uburundi buvanye abasirikare muri Somalia. Uwuburanira Jean Claude Kavumbagu, umushingwamanza Gabriel Sinarinzi, yabwiye Ijwi rya Amerika ko ihagarikwa ry'uwo mumenyeshamakuru ritakurikije amategeko. Ku bw'uwo mushingwamanza, umuntu adafise umugambi wo gutoroka ntashobora gupfungwa n'aho aba afise urubanza akurikiranwako kandi ngo umunyororo ni igihano gitangwa na sentare.

Umukuru w'ikinyamakuru Net Press, amaze gupfungwa incuro gatanu. Igihe cose yafatwa, yagirizwa ko ashikiriza inkuru zityoza abategetsi atarizo, canke inkuru zishobora guhungabanya umutekano. Icaha akurikiranwako muri iki gihe gitegekanijwe mu gingo za cumi na mirongo itanu na gatatu, zo mw'itegeko rigenga umwuga w’itangazamakuru mu Burundi. Izo ngingo zitegekanya umunyororo uri hagati y'imyaka ibiri n'imyaka itanu.

XS
SM
MD
LG