Uko wahagera

Ishirahamwe O-T-A-N Rizokwubahiriza Ikirere Indege za Libya Zibujijwemwo.

  • Fidele Niyongabo

A British RAF Tornado jet takes off from Gioia del Colle air base, near Bari, southern Italy, March 24, 2011

A British RAF Tornado jet takes off from Gioia del Colle air base, near Bari, southern Italy, March 24, 2011

Igihugu ca Turkiya, igihugu conyene c’ishirahamwe O-T-A-N c’aba Islamu caremeye uwo mugambi ejo ku musi wa kane

Ibihugu bigize ishirahamwe ry’ukwivuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, O-T-A-N, vyarumvikanye ku vyerekeye kuyobora igikogwa c’ukwubahiriza ikirre kiziririjwemwo indege hejuru ya Libya.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe O-T-A-N, Anders Fogh Rasmussen, yatangaje ejo ku musi wa kane ko ibikogwa vy’ishirahamwe O-T-A-N, bizotangura mu kiringo c’imisi itatu yimirije,kikazobandanya hamwe n’ibitero vy’indege za gisirikare biriko bigigwa n’indege z’ingwano z’urunani rw’amakungu.

Rasmussen yatangaje ko muri iki gihe hazoguma hari ibikogwa vy’urunani rw’amakungu n’ibikogwa vy’ishirahamwe O-T-A-N. Yavuze ko ingingo y’ishirahamwe O-T-A-N, y’ukwagura ubutegetsi bwaryo muri ico gikogwa mpuzamakungu muri Libya izhsobora kuzoba mu misi mikeyi iri imbere.

Igihugu ca Turkiya, igihugu conyene c’ishirahamwe O-T-A-N c’aba Islamu caremeye uwo mugambi ejo ku musi wa kane inyuma yuko Secreteri wa Departement ya Leta ya Amerika, Hillary Clinton avuganye na bagenziwe bo mu bihugu vya Turkiya, Ubufransa n’Ubwongereza.. Abategetsi b’igihugu ca Turkiya barondeye guhumurizwa ko ibikogwa vy’ishirahamwe O-T-A-N bizogira aho bigarukira kandi ko bizokwirinda iyicwa ry’abasivile b’aba Islamu muri Libya.

Ejo ku musi wa kane kandi Amerika n’Ubufransa vyatangaje ko Emirats Arabes Unis izoterera indege cumin a zibiri z’ingwano zigenewe kwubahiriza ikirere kiziririjwemwo indege z’igihugu ca Libya. Igihugu ca Qatar kiza carifatanije n’ibindi muri ako kigoro.

Inteko zigize urunani zaragize ibitero vya gisirikare ku bibanza birimwo abashigikiye prezida wa Libya ejo ku musi wa kane, mu gihe ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika ryatangaje ko riza kugirisha uno musi ku wa gatanu ibiganiro bigenewe guhagarika ingwano.

XS
SM
MD
LG