Uko wahagera

Mubarak Yaraye Arengukijwe Imbere ya Sentare


Mubarak Yaraye Arengukijwe Imbere ya Sentare
Mubarak Yaraye Arengukijwe Imbere ya Sentare

Perezida Mubarak yahora arongoye igihugu ca Missiri yajanywe mu kibanza citiriwe sentare vy’agateganyo, ava mu bitaro.

Muri iyo sentare y’agateganyo yasanzeyo abahungu biwe babiri, Gamal na Alaa, hamwe n’uwahora ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Habib al-Adly, n’abandi bategetsi batandatu bari bajejwe umutekano.

Urubanza rutanguye,umucamanza yabajije Mubarak niba yumvise neza ivyo yagirizwa. Mu vyo yagirizwa harimwo kuba yarataze uruhusha rwo kwica abantu bari mu myiyerekano yamaze imisi 18, mu ntango z’uyu mwaka turimwo. Perezida Mubarak yishuye avuga ko yavyumvise, aca yongerako ko yiyamiriza ivyo vyagirizo yivuye inyuma. Hamwe n’abahungu biwe, bagirizwa kandi ko bariye ruswa. Umuhungu mutonya ariyamiriza ivyo yagirizwa.

Mu gihe bokwagirwa n’ivyo bagirizwa, bose biteze guciribwa urubanza rwo gupfa. Naho Mubarak yari aryamye ku gatanda ko kwa mu ganga, yasa n’uko ameze neza, kandi akurikirana neza ibiriko biraba. Nti yari ameze nk’igihe yarengutswa ubwa mbere, mu kwezi kwa kabiri guheze, aho yashikirije ijambo, yerekana ko agifise akagagazo. Uwo mutama w’imyaka 83 yavuye mu gisagara ca Sharm el-Sheik n’indege, ejo ku musi wa gatatu, imujanye ku mugwa mukuru Cairo, kuko yavuga ko ameze nabi kuva atanga imihoho, kubera imyiyerekano. Uwo mugumuko wahitanye abantu barenga 800.

XS
SM
MD
LG