Uko wahagera

Burundi: Babiri Bahitanywe na Gerenade muri Muyinga


Muri Muyinga, gerenade zahasize amarira
Muri Muyinga, gerenade zahasize amarira

Abana 3 bo mu muryango umwe wo ku mutumba Ruganirwa muri commune n’intara ya Muyinga bahitanywe na grenade yaturikiye mu rugo rumwe rw’aho hantu. Abana 2 bavuka kubavyeyi b’aho yaturikiye.

Haba mu gipolisi canke mu bajejwe intwaro ntibarashobora kumenya neza aho iyo grenade yaturutse. Mu ntara ya Muyinga Nyene hari umugabo yaraye akomerekejwe n’amasasu yarashwe n’abantu batashoboye kumenyekana ari kw’ipikipiki. Uwo mugabo yarasiwe muri commune Butihinda mugihe yariko ataha iwe muri commune Muyinga ku mutumba Kavumu nk’uko bimenyeshwa na Musitanteri wa commune Muyinga.

Umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika mu Burundi Jean Bosco Ndarurinze yakurikiranye iyi nkuru.

XS
SM
MD
LG