Uko wahagera

Mitt Romney Yaratsinze Amatora yo mu Ntara ya Illinois, muri Amerika

  • VOA

Mitt Romney Yaratsinze Amatora yo mu ntara ya Illinois

Mitt Romney Yaratsinze Amatora yo mu ntara ya Illinois

Amatororokanirizo y’amakuru yo muri Amerika, yatangaje ko Romney yatsinze n’ibice mirongo itanu na bitanu kw’ijana vy’amajwi

Mitt Romney, ari imbere y’aba Republicains bariko bahiganirwa kugenwa guserukira umugambwe wabo mu matora y’umukuru w’igihugu yo muri Amerika mu mpera z’uyu mwaka yaratsinze n’amajwi menshi amatora y’ejo ku musi wa kabiri mu ntara ya Illinois, mu vyongereje amajwi yiwe mu rugamba rw’ukugenwa guserukira umugambwe w’aba Republicains mu matora y’umukuru w’igihugu yo mpera z’uyu mwaka.

Amatororokanirizo y’amakuru yo muri Amerika, yatangaje ko Romney yatsinze n’ibice mirongo ine n'indwi kw’ijana vy’amajwi mu gihe uwo bahiganwa Rick Santorum yaronse ibice mirongo itatu na bitanu kw’ijana vy’amajwi.

Abandi ba Candidats b’aba Republicains, Ron Paul na Newt Gingrich barangije inyuma cane.

Kubera iyo ntsinzi Romney yaronse izindi ntumwa mirongo itanu na zine akaba aronse inguvu kurushiriza imbera y’ayandi matora yimirije.

Abahiganwa bakeneye intumwa igihumbi n’ijana na cumin a zine kugira batsindire kugenwa n’umugambwe wabo n’ukuronka uburenganzira bw’uguhangana na prezida Barack Obama umu Demokrate mu matora yo mu kwezi kw’icumi na rimwe.

Mw’Ijambo ryiwe inyuma yuko atsinze amatora yo mu ntara ya Illinois, Romney yatangaje imyaka itatu ya prezida Obama yazaniye ubuzi buke Abanyamerika, igabanuka ry’imishahara n’amafranga Abanyamerika baronka, n’iduga bikomeye ry’ibiciro vya essence. Mitt Romney yahoze ari Bulamatari w’intara ya Massachusetts yasavye ubuyobozi bushasha muri Amerika.

XS
SM
MD
LG