Uko wahagera

Umumenyeshamakuru Kavumbagu Yasabiwe Gufungwa Ubuzima Bwiwe Bwose


Umumenyeshamakuru Jean-Claude Kavumbagu yagirizwa ko yanditse inkuru zinebaguru igisirikare c’Uburundi, kandi ko yahemukiye igihugu

Umushikirizamanza wa reta mu Burundi asaba ko umumenyeshamakuru, Jean Claude Kavumbagu asanzwe apfunzwe, aronka igihano co gupfungwa ubuzima bwiwe bwose.

Mu rubanza rwasomwe ejo muri sentare yi Bujumbura mu Burundi, abashikirizamanza ba reta bavuze ko ivyo Kavumbagu yanditse biri ku rugero rwo guhemukira igihugu. Jean-Claude Kavumbagu, umwanditsi w’ ikinyamakuru cigenga gitangazwa kuri internet NetPress, yagirizwa ko yanditse inkuru zinebaguru igisirikare c’Uburundi, kandi ko yahemukiye igihugu mu kwandika ko inteko z’ Uburundi zidafise ubushobozi bwo guhagarika igitero c’ iterabwoba cokogwa n’ abagwanyi b’ abanya Somaliya ku Burundi.

Uwuburanira Kavumbagu avuga ko ata muntu canke umunyagihugu ashobora gupfungwa yagirizwa ko yahemukiye igihugu mu gihe ico gihugu kitari mu ngwano. Arongera akavuga ko muri iki gihe umukuru w’igihugu ariwe wenyene ashobora kwmeza ko igihugu kitari mu ngwano. Abo baburanira Kavumbagu bavuga ko uri imbere ya sentare mpana vyaha utegerezwa gusoma ugakurikiza amategeko

XS
SM
MD
LG