Uko wahagera

Libya: Sentare Mpuzamakungu

  • VOA News

Libya: Sentare Mpuzamakungu

Libya: Sentare Mpuzamakungu

Umushikirizamanza wa sentare mpuzamakungu agiye gusaba kw’abakoze ubwicanyi ku banyagihugu muri Libya, bahagarikwa.

Umushikirizamanza muri sentare mpuzamakungu ijejwe gukwirkirana ivyaha bikomeye, Luis Moreno-Ocampo, yabwiye inama mpuzamakungu ijejwe umutekano, ko mu ndwi ziri imbere, azoshikiriza urubanza rwekeye ivyaha vyakorewe mu gihugu ca Libya, umurwi w’iyo sentare ujejwe gutohoza ivyaha.

Yavuze kw’azosaba abacamanza gusohora inzandiko zo guhagarika abantu batatu, bikekwa ko bakoze ubwicanyi bwinshi mu gihugu ca Libya, mu gihe c’uruhagarara, n’ingwano. Yamara ntiyashikirije amazina yabo.

Uyo mushikirizamanza mpuzamakungu, yabwiye inama mpuzamakungu ijejwe umutekano, kw’abasivile bo mu gisagara ca Tripoli, hamwe no mu bindi bice vy’igihugu ca Libya biri mu minwe ya Moammar Gadhafi, bama bariko barahigwa buhongo. Yavuze kw’abantu bama bahagaritswe, bakubaguwe; bishwe, canke banyurujwe.

Moreno avuga kw’abanyaLibya bahigwa, ar’abanyaLibya bagize uruhara mu myiyerekano.

Inama mpuzamakungu ijejwe umutekano yasavye umushikirizamanza wa sentare mpuzamakungu kwihweza ubwicanyi bwabereye mu gihugu ca Libya, igihe yafata icemezo mu kwezi kwa kabiri.

Ambassaderi aserukira reta zunze ubumwe za amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu Susan Rice, yavuze ko raport, umushingantahe Moreno-Ocampo yashikirije zerekeye ubwicanyi bwabereye mu gihugu ca Libya, zije gushigikira ivyatangajwe na reta zunze ubumwe za amerika, bivuga ko Moammar Gadhafi yatakaje icubahiro, n’ubushobozi bwo kurongora igihugu ca Libya.

XS
SM
MD
LG