Uko wahagera

Inteko mpuzamakungu ziriko zicungera ibirere vy’ intara ya Benghazi

  • VOA News

Libyans inspect the wreckage of a US F15 fighter jet after it crashed in an open field in the village of Bu Mariem, east of Benghazi, eastern Libya, March 22, 2011

Libyans inspect the wreckage of a US F15 fighter jet after it crashed in an open field in the village of Bu Mariem, east of Benghazi, eastern Libya, March 22, 2011

Inteko mpuzamakungu ziriko zicungera ibirere vy’ intara ya Benghazi iri mu buseruko bwa Libya ngo ntahagire indege n’ imwe icayo, zifise umugambi wo kubuza indege no guca mu birere hejuru y’ umugwa mukuru Tripoli.

Inteko mpuzamakungu ziriko zicungera ibirere vy’ intara ya Benghazi iri mu buseruko bwa Libya ngo ntahagire indege n’ imwe icayo, zifise umugambi wo kubuza indege no guca mu birere hejuru y’ umugwa mukuru Tripoli.

Inteko zigishigikiye Gadhafi I Tripoli ejo zaragerageje kurungika ama missile yo gukorora indege z’ abanyamerika, indege z’ abafaransa n’ iz’ abongereza zariko zitera ico gisagara. Reta zunz’ ubumwe za Amerika ejo zamenyesheje ko imwe mu ndege z’ abanyamerika hirya y’ ejo yakorotse irasambuka muri Libya. Igisirikare ca Amerika kivuga ko iyo ndege ishobora kuba yarakorotse kubera ibibazo vy’ivyuma yarifise, ico gisirikare kivuga ko iyo ndege itarashwe.

Ico gisirikare kimenyesha ko abantu babiri bari mur’ iyo ndege bose barokotse.

Naho inteko mpuzamakungu ziriko ziracungera ibirere muri Libya, biri mu ngingo zafashwe n’ ishirahamwe zo gukingira abantu b’ abasivire muri Libya, mu kibakingira ibitero bikogwa na reta, inkuru ziva mu batavuga rumwe na reta mu bisagara bibiri biri mu burengero bwa Libya, zivuga ko ingwano ibandanya. Abanyagihugu bo mur’ ivyo bavuze ko inteko za Gadhafi ziriko zikora ibitero mu bisagara vya Misrata na Zintan, bakaba bavuga ko har’abasivire bishwe. Izo nkuru ntiziremezwa.

Abadashigikiye ivyo bitero inteko mpuzamakungu ziriko zikora muri Libya babandanya kuba benshi.

Umuvugizi w’ ubushikiranganji bujejwe imigenderanire mu Bushinwa, Jiang Yu yavuze ko reta y’ I Beijing ishaka ko ivyo bitero bihagarara buno nyene, hanyuma urwo ruhagarara ruri muri Libya rugatoregwa inyishu iciye mu mahoro. Ubushinwa n’ Uburusiya vyaranse gushigikira ingingo yafashwe n’ ishirahamwe ONU yo gutang’ uburenganzira bwo gutera igihugu ca Libya, yamara ntivyiyamirije icese iyo ngingo.

Ishirahamwe ry’ ibihug vy’ abarabu, mu ntango ryari ryashigikiye iyo ngingo ya ONU, naryo nyene riherutse kuvuga ko ridashigikiye ivyo bitero. Abo bose badashigikiye ivyo bitero bakaba bavuga bafise ubwoba ko abantu b’ abasivire bashobora guhitanwa n’ ivyo bitero, abandi bagasinzikara bikomeye, ivyo kandi arivyo iyo yafashwe kugira ngo ntibishike.

Umushikiranganji wokwivun’ abansi muri Amerika, Robert Gatetsi we yavuze ko ata basivire bahitanywe n’ ibitero inteko mpuzamakungu ziriko zikora muri Libya, nk’ uko bivugwa na Colonel Moammar Gadhafi.

XS
SM
MD
LG