Uko wahagera

Libiya: Sirte Cigaruriwe Ibice 70 Kw'ijana


Abasirikare ba Libiya bafashwe mu mugongo n’inteko z’Amerika kuwa gatandatu barabandanije ibitero k’umuhari wa reta ya Kiyisilamu mu gace ugisigayemwo mu gisagara ca Sirte kuwa gatandatu.

Abategetsi ba Libiya bamenyesha ko ibice 70 kw’ijana vy’ico gisagara bimaze kugarurwa.

Igisagara ca Sirte cari cafashwe n’uwo muhari mu mwaka uheze kandi niho wari wategekanije guhungira mugihe bokwirukanwa ubutakigaruka muri Iraki na Siriya.

Abasirikare ba Libiya bari batanguye intambara vyo kwigarurira Sirte m’ukwezi kwa gatandatu. Mur’iyi ndwi niho babashije kwigarurira ibice bikomeye bafashijwe n’ibitero vy’indege z’Amerika.

XS
SM
MD
LG