Uko wahagera

Kuki COMESA Yakuye Inama Yayo mu Burundi?


Umunyamabanga mukuru wa Comesa, Sindiso Ndema Ngwenya, yabonanye na Perezida w'Uburundi Pierre Nkurunziza i Bujumbura mu kwezi kwa mbere 2018
Umunyamabanga mukuru wa Comesa, Sindiso Ndema Ngwenya, yabonanye na Perezida w'Uburundi Pierre Nkurunziza i Bujumbura mu kwezi kwa mbere 2018

Mw’itangazo rigufi COMESA yashize ku rubuga rwayo rwa internet kuri uyu wa gatanu, uwo muryango w’isoko rusangi ry’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko n’ubumanuko wavuze ko inama igira 20 y’abakuru b’ibihugu biwugize yobereye mu Burundi izobera ku biro vyawo biri i Lusaka muri Zambiya.

Bubaye ubugira kabiri COMESA isubiye ku ngingo yo gukoreshereza mu Burundi iyo nama yayo ya 20 naho kuri iyi ncuro ata nsinguro yatanze y’igitumye iyo nama vyari bitegekanijwe ko izobera i Bujumbura mu Burundi mu kwezi kwa gatandatu itakihabereye.

Igihe COMESA yisubirako ku ncuro ya mbere mu mpera z’ukwezi kw’indwi muri 2017, umunyamabanga mukuru w'uyo muryango Sindiso Ngwenya yandikiye Uburundi asigura ko budafise ivya ngombwa vyo kwakira inama iri ku rwego rw'inama ihuza abakuru b'ibihugu bigize COMESA.

Bimwe mu vyo Sindiso Ngwenya yatanzeko akarorero, harimwo amahoteri atari ku rugero rushemeye, imiduga ishobora kunguruza abubahwa cane cane abakuru b’ibihugu Uburundi butashoboye kwerekana ko bufise, internet idafise umuvuduko ukwiye, ivyumba biberamwo amanama bidakwije ibisabwa n’amategeko, hadasizwe inyuma utuzu twa surwumwe.

Mu kwezi kwa mbere Ngwenya mu rugendo yarimwo mu Burundi, yarasubiye kuri iyo ngingo avuga ko bihindutse iyo nama igarukanywe i Bujumbura. Ico gihe yasiguye ko umurwi wariko urayitegura wasanze ata cobuza Uburundi kwakira iyo nama.

Ijwi ry’Amerika ryagerageje kumenya ingene Uburundi bwakiriye iyo ngingo yo kwakwa itunganywa ry'inama igira 20 ya COMESA, Zéphyrin Maniratunga arongoye umurwi utunganya ibikorwa vy’inama zibera mu Burundi atubwira ko ataco afise abivugako twobaza abo hejuru tukongera tukaraba ivyo yanditse kuri Twitter yiwe.

Nta kinini twasanze kuri Twitter ya Maniratunga kijanye n’iyo ngingo uretse ko yanditse ko umurwi aramutswa ushimishwa n'uko abazokwitabira iyo nama baciyandikisha. Tuvugana yari yatubwiye ko abanyuma biyandikishije mu gitondo c'uno wa gatandatu, yanka kugira ico avuze ku kibazo co kumenya ko ingingo bayimenyeshejwe.

Ingingo ya COMESA yo kwimura inama yayo ya 20 ku murwa mukuru wa Zambiya i Lusaka ivanywe i Bujumbura mu gihe Uburundi bwasa nk’uburembeje imyiteguro yayo: Amabarabara amwe amwe aza yaramanitsweko ivyapa bijanye n'iyo nama, mu gihe Zéphyrin Maniratunga arongoye umurwi utegura ama nama ku rwego rw'igihugu yemeje kuri twitter ko ibikoresho vyose vyashitse haraheze iminsi indwi.

Amategeko agenga COMESA avuga ko ibihugu bigize uwo muryango bikurakuranwa mu kwakira inama zayo zitandukanye. Yamara bishitse igihugu kiramukiwe kwakira inama kanaka ntikibe gikwije ivya ngombwa bisabwa n'uwo muryango, iyo nama iraheza ikabera ku cicaro cayo kiri muri Zambiya.

Nta matariki kanuni ya ryari iyo nama izoberako COMESA yatangaje naho yanditse ku rubuga rwayo rwa internet ko izoba mu kwezi kw’indwi uno mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG