Uko wahagera

Kugena Jeanne Gapiya Mu Bazoronka Agashimwe ka CNN


Jeanne Gapiya na Princesse wa Monaco, Stephanie Grimaldi.
Jeanne Gapiya na Princesse wa Monaco, Stephanie Grimaldi.

Chaine ya televizyo yo muri Amerika CNN irafise ikiganiro igira mu mpera z’ ukwezi kwa cumi kumwe uko umwaka utashe, ikiganiro citwa CNN HERO.

Mur’ ico kiganiro, CNN irashikiriza agashimwe k’ ubutwari abantu batowe mu bandi kubera ibikogwa vyiza cane bakora mu gufasha abandi bantu cane cane mu gufasha abantu basinzikaye, abantu badafise uburyo bwo kwibeshaho.

Mur’ uyu mwaka rero, Abarundi bari mu mihingo yose kw’ isi bakaba barahagurutse kugira ngo baje hamwe mu gushikiriza izina ry’ umupfasoni Jeanne Gapiya ku rutonde rw’ abo bantu CNN izotoramwo abo izoha ako gashimwe. Jeanne Gapiya akaba azwi cane mu Burundi eka no mu makungu kubera ibikogwa vyiwe vyo guharanira agateka

k’ abantu bafise umugera utera Sida n’ abagwaye Sida.

Umupfasoni Jacqueline Nzoyihera ar’ imbere mu bantu batanguje iryo sekeza ryo gushikiriza izina rya Gapiya kuri CNN. Yatubariye ko Gapiya yakoze cane mu gufasha abantu mu Burundi, ngo na cane cane abana bafise umugera utera Sida n’ impfuvyi za Sida mu kubaha kazoza kandi ngo abantu benshi bo bari barahebuye ko abo bana bashobora kugira ubuzima bwiza nk’ ubw’ abandi.

XS
SM
MD
LG