Uko wahagera

Imyimenyerezo mu Kigobe Cya Koreya


Koreya ya ruguru na Reta Zunze Ubumwe z'Amerika vyatanguye imyimenyerezo ya gisirikare yama iba uko umwaka utashe mu gihe umwuka mubi wiyongeye mu kigobe ca Koreya, bivuye qku ngingo Koreya ya ruguru iherutse gufata y’ukugerageza ibigwanisho ruhonyanganda na misile balistike.

Iyo myimenyerezo izoba ariyo ya mbere ikomeye cane izoba ibaye, mu gihe inteko zirenga ibihumbi amajana atatu za Koreya y’epfo, n’inteko zigera ku bihumbi cumi n’indwi z'Amerika zizogira uruhara muri iyo myimenyerezo.

Urwego rukomeye rw’ukwivuna abansi rw’igihugu ca Koreya ya Ruguru, rwasohoye itangazo amasaha makeyi imbere yuko iyo myimenyerezo ya gisirikare itangura , aho rugabisha gutangura ibitero bikomeye vy’ukurwanya iyo myimenyerezo, Koreya ya ruguru ibona ko itegura ibitero ku butaka bwayo.

Koreya ya ruguru igabisha kandi kugira ibitero vy’ukwitanga umwansi hakoreshejwe ibirwanisho ruhonyanganda ku bibanza vya gisirikare vya Amerika muri Koreya y’Epfo no mu karere kose ka Pasifike.

Abategetsis ba Koreya ya Ruguru bama bagabishsije ibitero igihe cose imyimenyerezo ya gisirikare ya Koreya y’Epfo na Amerika iba uko umwaka utashe.

XS
SM
MD
LG