Mu Burundi, hari imisore ifise ubwoba bwo kwicwa, kubera batavuga rumwe n’intwaro y’iki gihe. Haraheze imisi 15 imisore 5 ihungiye mu nyubakwa z'umurwi w'igihugu wigenga uharanira agateka ka muntu. Iyo misore ivuga ko itinya kwicwa, igasaba ko ihungishwa ikarungikwa mu mahanga.
Ariko Furera Ntakarutimana Emmanuel, arongoye umugwi w’igihugu wigenga uharanira agateka ka muntu, avuga ko abarundi bavuga ko ubwicanyi bwimonoje ari benshi, ariko ko inyishu y’ico kibazo atari uguhunga. Iyo misore ivuga ko hoba hari n’umugambi bise "SAFISHA" wo kwica aba FNL bose bayoboka Rwasa Agathon, ariko leta irabihakana
Ido n'ido na Eric MANIRAKIZA i Bujumbura