Uko wahagera

Mu Burundi, Imisore Itanu Isaba Gungishwa.


Mu Burundi, Imisore Itanu Isaba Gungishwa.
Mu Burundi, Imisore Itanu Isaba Gungishwa.

Umukuru w’umugwi w’igihugu wigenga uharanira agateka ka muntu mu Burundi avuga ko ubwicanyi bushobora kuba bwimonoje, ariko ko inyishu y’ico kibazo si uguhunga

Mu Burundi, hari imisore ifise ubwoba bwo kwicwa, kubera batavuga rumwe n’intwaro y’iki gihe. Haraheze imisi 15 imisore 5 ihungiye mu nyubakwa z'umurwi w'igihugu wigenga uharanira agateka ka muntu. Iyo misore ivuga ko itinya kwicwa, igasaba ko ihungishwa ikarungikwa mu mahanga.

Ariko Furera Ntakarutimana Emmanuel, arongoye umugwi w’igihugu wigenga uharanira agateka ka muntu, avuga ko abarundi bavuga ko ubwicanyi bwimonoje ari benshi, ariko ko inyishu y’ico kibazo atari uguhunga. Iyo misore ivuga ko hoba hari n’umugambi bise "SAFISHA" wo kwica aba FNL bose bayoboka Rwasa Agathon, ariko leta irabihakana

Ido n'ido na Eric MANIRAKIZA i Bujumbura

XS
SM
MD
LG