Uko wahagera

Kenya: Abashingwamanza mu Myiyerekano


Imyiyerekano mu gisagara ca Nairobi
Imyiyerekano mu gisagara ca Nairobi

Abashingwamanza amajana n’amajana bahuriye ku murwa mukuru wa Kenya, Nairobi, kugira biyamirize igandagurwa rya mugenzi wabo, Willie Kimani.

N’ubugira kabiri imyiyerekano iba ku murwa mukuru, Nairobi muri iyi ndwi, ku bivurwa ko ari ubwicanyi ndengerabutungane bukorwa n’igipolisi ca Kenya.

Uruja n’uruza rw’imodoka n’abantu rwahagaze mu bice bimwe bimwe vyo hagati ku murwa mukuru, igihe abashingwamanza batera bagana inyibakwa ya sentare kizigenza y’igihugu, no ku biro vy’umutegetsi mukuru w’igipolisi.

Abo bashingwamanza bariko biyamiriza ibibonwako ari ubwicanyi ndengerabutungane bwakozwe kuri, Willie Kimani, umukiliya wiwe, Josephat Mwenda, n’umudereva w’itagisi, Joseph Muiruri.

Ibiziga vyabo vyatowe mu ndwi iheze, hafi y’ibilometero 70umuntu avuye ku murwa mukuru, Nairobi.

Abo bantu batatu bazimanganye inyuma yuko baserutse muri sentare kw’italiki 23 z’ukwezi kwa gatandatu, mu rubanza Kimani yariko aburanira Mwenda ku vyo bavuga ko ari ivyaha vyari vyarementanijwe n’igipolisi.

XS
SM
MD
LG