Uko wahagera

Kenya Iridogera Ingingo Ban Ki-Moon Aherutse Gufata


Macharia Kamau, aserukira Kenya muri ONU
Macharia Kamau, aserukira Kenya muri ONU

Uwuserukira Igihugu ca Kenya mw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, Macharia Kamau, amenyesha ko umuyobozi w’Igisirikare ca ONU muri Sudani y’Ubumanuko, aturuka muri Kenya, aheruka kwirukanwa, yabaye inkinzo yuko uwo mugwi wananiwe no gukingira umutekano mu ntureka zabaye mu kwezi kw’indwi aho muri Sudani y’Ubumanuko.

Macharia yabwiye abamenyeshamakuru ko amatohoza yabaye ku bijanye n’izo ntureka, yagizwe n’umugwi wagiye ufise udutima tubiri. Reta ya Kenya ikaba yatanganje kur’uyu wa gatatu ko izoca ikurayo abasirikare bayo igihumbi basanzwe bar’aho muri Sudani y’Ubumanuko, kandi ko izoca ifuta umugambi wayo wo kurungika abasirikare ibihumbi bine baja gukingira umutekano mu karere.

Umuvugizi wa ONU, Stephane Dujarric, aramirira kure ibirego vya Kenya ku cegeranyo cakozwe kur’izo ntureka. Dujarric avuga kandi ko hari n’abandi bashobora kwirukanwa.

XS
SM
MD
LG