Uko wahagera

Kenya: William Ruto Yatsinze Urubanza mu Buhollandi


Icegera c’umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto yaratsinze urubanza muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha.Yagirizwa n’iyo sentare ivyaha vyo mu ntambara mu bwicanyi bwakozwe inyuma y’amatora muri Kenya.

Abacacamanza b’iyo sentare bashikirije ejo kuwa gatanu ko ivyabona vyahawe igipfukamunwa canke boba baratewe ubwoba kugira bave mur’urwo rubanza.

Ninako vyabaye ku rubanza rwa Perezida wa Kenya Uhuru Kenyatta mur’iyo sentare mpanavyaha mpuzamakungu aho urubanza rwahagaritswe mu mwaka uheze inyuma yaho ivyabona vyisubiyeko ku vyagiriji vyari vyarashikirije.

XS
SM
MD
LG