Burundi: Inama Nshingamateka Yatoye Integuro Y'Itegeko ryo Kuva Muri CPI
Inama nshingamateka y'uburundi yemeje itegeko rihakana sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI. Umushingwamanza Segatwa Fabiyano, yaburaniye abafurwa imbere ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha ku Rwanda TPIR abona ko bizogora ko Uburundi bwereka amakungu ko bufise ishakaryo guhana ivyaha bikomeye biba vyakoze.