Uko wahagera

Umumenyeshamakuru Jean Claude Kavumbagu Imbere y’Ubutungane


ean Claude Kavumbagu yagirizwa ku vyo yanditse ku nzego z'umutekano, avuga Jean Claude Kavumbagu yanditse ku nzego z'umutekano, avuga ko zishobara kugira ingorane zo kugwanya abihevyi b’umugwi AL Shabaab bo muri Somalia

Mu gisata gica imanza z'abagirizwa ubwicanyi muri sentare nkuru y'i Bujumbura niho umuyobozi w'ikinyamakuru Net press Jean Claude Kavumbagu yaburaniye. Iyo ntahe y'icese ibaye iyambere inyuma y'imisi ijana na cumi n'itandatu iheze afashwe agapfungwa, yagirizwa kuba "Yarahemukiye igihugu" nk'uko vyari vyandistwe ku mutahe wamuhagarika.

Umushikirizamanza aburanya Jean Claude Kavumbagu yabandanije yagiriza uwo muyobozi w'ikinyamakuru Net Press, ku vyo yanditse ku nzego z'umutekano, avuga ko zishobara kugira ingorane zo kugwanya abihevyi b’umugwi AL Shabaab bo muri Somalia, bagabishije bavuga ko bashobora gutera Uburundi. Umucamanza Gabriel Sinarinzi aburanira Jean Claude Kavumbagu, asigurako uwo mumenyeshamakuru akwiye kurekurwa urubanza rukabandanya yidegemvya.

Abacamanza bashize urubanza mu mw'iherero, inyuma y'amasaha mirongo ine n'umunani niho amategeko avuga ko bashikiriza aho bahagaze. Ku bw'umukuru w'ikigo c'abamenyshamakuru OPB gikurikirana uburyo abamenyeshamakuru batanga amakuru, Innocent Muhozi, ipfungwa rya Jean Claude Kavumbagu ngo riteye kubiri n'amategeko, kandi ngo riracafuza Uburundi n'Abarundi mu makungu.

Jean Charles Nkanganyi umunyamabanga mukuru w'urwego rw'igihugu rukurikiranana uburyo amakuru atangwa, avuga ko abamenyeshamakuru n'abanyaporitike bakwiye gukorana kandi bihanganirana. Ngo bishitse umumenyeshamakuru akarengera uyu canke uriya ngo yokwihuta gusaba ikigognwe.

Abamenyeshamakuru babiri b'ikinyamakuru "Iwacu" bararengukijwe mu biro vy'inyamiramabi BSR. Ico bagirizwa nti kiramenyekana, ariko ikizwi n'uko ku musi wa gatanu w'indwi iheze bafashwe bavuye mw'ibohero rya Mpimba aho babonanye n'umunywanyi w'umugambwe FNL. Umwe mur'abo bameneyshamakuru yari afise umwana muto cane yonsa. Inyuma y'imisi ibiri niho barekurwa ariko basabwa kubandanya bitaba. Mu rwego rw'igiporisi bavuga ko babandanya amatohoza kuko ngo bafise izindi nkuru zerekeye iyo dosiye.

XS
SM
MD
LG