Uko wahagera

Afuganistani: Abamenyeshamakuru 11 Barishwe uyu Mwaka


Abamenyeshamakuru muri Afuganistani
Abamenyeshamakuru muri Afuganistani

Ishirahamwe ryitaho umutekano w’abamenyeshamakuru muri Afuganistani rimenyesha ko abamenyeshamakuru bashika kuri cumi n'umwe bishwe, abandi amajana bagahunga intambara, mu kiringo c’amezi cumi ya mbere y’uyu mwaka w’2016. Rivuga ko ar’umwaka waranzwe n’ubwicanyi butari bwabeho.

Mu myaka cumi n'itandatu iheze, abamenyeshamakuru bashika kuri mirongo itandatu nibo bamaze kwicwa. Ubutegetsi bukaba ataco bwigeze bukora ku bijanye n’amatohoza.

Pernille Kardel, akorera ONU muri Afuganistani amenyesha ko intambara atarizo zonyene zahitanye abo bamenyeshamakuru. Avuga ko bamwe bishwe bahohotwe kubera umwuga wabo, nko mu gihe baba batanze amakuru ajanye n’inyuruzwa ry’ubutunzi bw’igihugu.

Kardel avuga ko ashima ko Reta ya Afuganistani yiyemeje kugwanya ukudahana ubwicanyi bukoregwa abamenyeshamakuru. Akavuga ko ico gikorwa gishinga imizi mu gihe har’amategeko agishigikira.

XS
SM
MD
LG