Uko wahagera

Iyibuka Ry’Imyaka Indwi iheze, Abanyamulenge Bagandaguwe Mw’ikampi y’impunzi yo Mu Gatumba, mu Burundi


Uko umwaka uheze, abantu barusimvye mu Gatumba, baba muri reta zunze ubumwe za amerika, baratunganya igiteramo, kugira ngo bibuke bagenzi babo bagandaguwe.

Mur’uyu mwaka w’2011, ibirori vyo kwibuka abaguye mu gitero cahitanye ubuzima bw’Abanyamulenge, vyabereye mu gisagara ca Cyracuse mu ntara ya New York, kuva kw’igenekerezo rya 13, gushika kw’igenekerezo rya 14 ry’ukwezi kw’umunani. Umukuru w’ishirahamwe ry’abacitse kw’icumu, Olivier Mandevu aba muri reta zunze ubumwe za amerika, yarahaye ikiganiro Frederic Nkundikije, inyuma y’aho iryo koraniro ryamaze imisi ibiri, rirangiriye ku musi wa mungu.

XS
SM
MD
LG