Uko wahagera

Itegeko Rishinga Umugwi Wigenga Ujejwe Iyubahirizwa ry’Agateka ka Zina Muntu


Umurwi w'igihugu wigenga ujejwe gukurikirana iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi, ugizwe n'abantu indwi bava mu mashirahamwe atandukanye. Ufise ikiringo c'imyaka ine, kandi abawugize nta burenganzira bafise bwo gukora akandi kazi

Inama nshingamateka y’Uburundi iherutse kwemeza itegeko rishinga umugwi wigenga ukurikirana ivyerekeye agateka ka zina muntu. Iryo tegeko rishinga umurwi w'igihugu wigenga ujejwe gukurikirana ivyerekeye kwubahiriza agateka ka zina muntu mu Burundi, ryemejwe n'abashingamateka bose bari bitavye ibikorwa vy’inama yo ku musi wa kabiri, igenekerezo rya 14, ukwezi kw’icumi na kabiri mu 2010. Uwo mugwi ugiye gushingwa, ugizwe n'abantu indwi bava mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu, n'ayandi yigenga.

Abo bantu ndwi bafise igikorwa co gukurikirana uburyo reta izokwubahiriza agateka ka zina muntu, kwumviriza abantu agateka katyozwe, no gutegeka reta kubuzuriza. Uwo murwi ufise ikiringo c'imyaka ine.

Bitegekanijwe ko igikorwa c'uwo murwi kizorangurwa mu bwigenge, n'ubwo amafaranga azokoreshwa azotangwa na reta. Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi, ligue Iteka, nti rishima uburyo abantu indwi bazoba bagize uwo mugwi bazotorwa. Ku bwa Edourd Biha, umunyamabanga nshingwabikorwa wa ligue Iteka, avuga ko amashirahamwe yari akwiye guhabwa uburenganzira bwo kwitorera abayaserukira, mu gihe itegeko rivuga ko uwuvyipfuza wese azoshikiriza umwidondoro wiwe ugwego ruzoba rujejwe gushiraho uwo mugwi.

Abagize umurwi w'igihugu ujejwe agateka ka zina muntu, nta burenganzira bwo gukora akandi kazi ufise.

XS
SM
MD
LG