Uko wahagera

Itegeko ry'Ingene Abarundi Bazoterera Amatora Ryagiye Ahabona


Abarundi bazotanga intererano y'amatora yo 2020 hisunzwe itegeko nshikiranganji ryashizwe ku mugaragaro kuri uyu wa mbere . Iryo tegeko, rirerekana ko intererano izotangwa hisunzwe umushahara,n'amafaranga yijinzwa n'abarundi mu bisata bitandukanye.

Umwirimizi azoterera amahera y'amarundi agera ku 2000 ku mwaka., urwaruka rushikana imyaka cumi n'umunani naho ruzoba rukiri ku ntebe y'ishure ruterere 1000 ku mwaka.

Iryo tegeko riravuga kandi ko n'amashirahamwe atandukanye, abarundi baba hanze ndetse n'abo mu madini atandukanye begwa n'iryo tegeko n'ubwo ata mafaranga nyezina bazoterera ritomora.

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu c'Uburundi Pascal Barandagiye, yabwiye Ijwi ry'Amerika ko interarano izotangwa kukugashaka atagahato. Iryo tegeko rizotangura Kuja mu ngiro mu kwezi kwa mbere ko mu mwaka wa 2018.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika mu Burundi Fidelite Ishatse

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:50 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG