Uko wahagera

Itegeko Rikingira Agateka k’ Aba Artistes (Abaririmvyi, Abanditsi, Abantu Bashushanya, n’ Utundi Tugenegene) Mu Burundi


Mu Burundi umukuru w’ igihugu aheruka gutera igikumu kw’ itegeko rishasha rishiraho ibiro bijejwe gutunganiriza abantu bita aba Artistes mu gifaransa n’ ukuvuga abaririmvyi, abanditsi b’ ibitabu, abantu bacapa n’ abandi, kugira ngo abadandaza indirimbo, ibitabu amasanamu n’ ibindi bikogwa vyabo ntibabandanye babungukirako ataco babahaye. Ivyo biro bikazofasha abo ba Artistes gutunganya neza no kuronka inyungu zivuye mu bintu vyabo bivuye mu bwenge bwabo. Nk’ akarorero ku muzika n’ indirimbo, iryo tegeko rizohana abantu bose bazodandaza canke bazovuza indirimbo hanyuma ntibahe ba nyenezo igice c’ inyungu zizovamwo. Umushikiranganji ajejwe urwaruka, inkino n’ akaranga mu Burundi Jean-Jacques Nyenimigabo yarahaye iradiyo Ijwi rya Amerika ikiganiro ku vyerekeye iryo tegeko n’ ivyo biro bishasha bigiye gushingwa.

XS
SM
MD
LG