Uko wahagera

Itegeko Rigenga Ukugene Abanyamerika Bivuza Ryemejwe na Sentare Nkuru ya Amerika


Prezida Obama yaravugiye mu gice ca presidence yiwe, citwa, East Room, inyuma yuko sentare nkuru ya Amerika ishikirije ingingo kw’itegeko rigenga ukugene Abanyamerika bivuza rituma Abanyamerika benshi bashobora kwivuza.

Mu ngingo aho abacamanza batanu bayemeje mu gihe abandi bane bayihakanye, umukuru w’abacamanza ba sentare nkuru, John Roberts afise ivyiyumviro vya kera yatoye n’abafise ivyiyumviro bisa n’ivy’Abademokrate mu kwemeza ingingo nkuru nkuru z’itegeko rigenga ukugene Abanyamerika bivuza, harimwo ingingo isaba Abanyamerika kuzoba bafise assurance y’ukwivuza mu mwaka w’2014, canke batange ihabadu y’amafranga.

Kuva inama nshingamateka yemeje itegeko rigenga ukugene Abanyamerika bivuza mu vyagwannywa n’abo mu mugambwe w’Aba Republicains, urugamba rwa politike rwaribonekeje kuri iyo ngingo isaba Abanyamerika kuzoba bafise assurance y’ukwivuza mu mwaka w’2014 canke bagatangishwa ihadabu y’amafranga. Abadashigikiye iyo ngingo bavuze kw’iciye kubiri n’ibwirizwa nshingiro mu gutuma abantu bagura ku nguvu assurance bashobora kuba badashaka.

Prezida Obama yatangaje kw’ingingo ya sentare nkuru ya Amerika izoharirwa cane, ngo yamara n’intsinzi ku Banyamerika bose:

Prezida Obama yatangaje kw’azi kw’uruhande rwa politike rw’iyo ngingo ruzoharirwa cane, ku vyerekeye uwatsinze canke uwatsinzwe. Prezida Obama menyesha kw’ukwo ariko ibintu kenshi bibonwa ngaha I Washington. Yamara avugako izo mpari zitabona ukuri. Ngo n’uko iyo ngingo ya sentare nkuru ari intsinzi ku Banyamerika mu gihugu cose, ubuzima bwabo buzomera neza kurushiriza kubera itegeko rigenga ukugene Abanyamerika bivuza.

Prezida Obama yaranabaguwe ku buryo yavyifashemwo ku vyerekeye iry tegeko, mu gihe bamwe mu ba demokrate nkawe batangaje ko atakoze ibikwiye kugira yumvishe Abanyamerika ku nyungu z’iryo iryo tegeko.

Naho ari intsinzi ikomeye kuri prezida Obama, muri iki gihe ahanganye n’utwigoro dutera twiyongera tw’abatavuga rumwe nawe bo mu mugambwe w’Aba Republicains tw’ukwiyamiriza iryo tegeko.

Mitt Romney, ariko ahiganirwa kwitoza kuba prezida wa Amerika ku ruhande rw’Aba Republicains, yavuze ko sentare nkuru ya Amerika itavuze kw’iryo tegeko rigenga ukugene Abanyamerika bivuza ari itegeko ryiza, akaba yasubiye kwiyemeza kw’azokuraho iryo tegeko niyo yatorwa kuba prezida wa Amerika:

Romney yavuze kw’iki ari igihe Abanyamerika bakwirikiye guhitamwo. Ngw’imigambi yabo iratomoye. Ngo nimba bashaka kwikurako itegeko ryitiriwe Obama ngo bazotegerezwa gutora uwumusubirira. Ngw’umugambi wiwe n’ukubona ko babigenjeje gutyo.

Inyuma yuko Sentare nkuru ya Amerika ishikirije ingingo kw’itegeko rigenga ukugene Abanyamerika bivuza, Aba Republicains n’abagwanya iryo tegeko basubiye kuvuga ko rizokwongereza amafranga akoreshwa mu vyerekeye ubuvuzi na deficit ya budget ya Amerika hamwe n’ideni ryo mu kiringo kirekire kiri imbere.

XS
SM
MD
LG