Uko wahagera

Isirayeli yinjiye mw'Ishirahamwe rya OTAN


Ishirahamwe OTAN

Ishirahamwe OTAN

Igihugu ca Isirayeli kimenyesha ko cuguruye icicaro ku biro bikuru vy’Ishirahamwe OTAN, mu Bubirigi, mu ntumbero yo gukomeza imigenderanire n’ayandi makungu.

Uwuserukira Isirayeli mw’Ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Ibihugu vya Buraya, Aharon Leshno-Yaar, amenyesha ko yashikirije urwandiko rumugena k’umunyamabanga mukuru w’Ishirahamwe OTAN, Jens Stoltenberg, kur’uyu wa gatanu.

Abo bategetsi baraganiriye kandi ku bijanye n’urutonde rushasha rw’iyo migenderanire. Stoltenberg amenyesha ko ashima uburyo Israyeli yakoranye n’ishirahamwe OTAN mur’iyi myaka iheze.

Leshno-Yaar, agiye guserukira Isirayeli muri OTAN, amenyesha ko kwugurura ibiro ku cicero c’iryo shirahamwe bigaragaza uruhara Israyeli ifise mu gukomeza amahoro mur’ako karere.

Mu kwezi kwa 6, Stoltenberg, umunyamabanga mukuru wa OTAN, yari yatangaje ko ar’ivyingirakamaro gukomeza imigenderanire, narirya haheze imyaka ishika kuri 20 bakorana na Israyeli.

XS
SM
MD
LG