Uko wahagera

Ishirahamwe, The International Contact Group, Riravuga Ibikwiye gukorwa Kugira Umutekano Usasagare mu Ntara ya Afrika y’Ibiyaga Binini.


Nk’uko ishirahamwe ryitwa Enough Project, ribivuga, ishirahamwe The International Contact Group on Africa’s Great Lakes region, ngo rikwiye kwihweza no gushikiriza ingingo ziyamiriza ubusuma bwabaye mu matora aherutse kuba mu gihugu ca Republika ya Congo iharanira demokrasi, igihe c’iyo nama izoba ifise umugambi wo gushira hamwe, abagira neza bose bafasha mu gikorwa co kunagura sentare ya gisirikare mu gihugu ca Republika iharanira Demokrasi ya Congo. Ngo iryo rishirahamwe rikwiye kandi kwiheza umugambi wo kwongereza igitigiri c’abasirikare, kwongereza abajejwe igikorwa c’iperereza hamwe no gufasha mu gikorwa co kwiyunguruza kugira ngo urugamba rwo kugwanya umurwi LRA urwanya ubutegetsi mu gihugu ca Uganda, rugende neza gusumba.

Umutegetsi ajejwe imigambi y’ishirahamwe Enough Projet yanditse na raport yiswe, In the Wake of the recent elections in Congo, The Great Lakes Region is at a Cross-roads, Aaron Hall, yarahaye ikiganiro Robert Daguillard, umumenyeshamakuru w’iradiyo Ijwi rya Amerika, akaba kandi umukuru wa service central –Africa, akaba yatanguye amubwira ukuntu abona intara ya Afrika y’ibiyaga binini:

Ati intara ya Afrika y’ibiyaga binini mur’iki gihe iri mu masanganzira, cane cane inyuma y’amatora aherutse kuba mu gihugu ca Republika ya Congo iharanira demokrasi; Ati naho hari intambwe iriko irakorwa mur’iyo ntara cane cane mu vyerekeye ubutunzi, hamwe no mu vyerekeye amatati yari mu rudandazwa ry’ubutare bwa diamant; ngo hari n’ibintu vyasubiye inyuma, birimwo ikibazo c’umutekano, ku rubibe igihugu ca Congo gisangiye n’Urwanda, hakaba kandi hari n’ayo matora aherutse kuba mur’ico gihugu.

Ku kibazo co kumenya ikintu reta zunze ubumwe za amerika zokora, cane cane ku vyerekeye amatora. mbega, reta zunze ubumwe za amerika zotanga umutahe wo gusubira gukoresha ayandi matora, canke, zoreka kwemera ivyavuye mur’ayo matora.

Umushingantahe Aaron Hall agira ati:

Ikintu ca mbere cokorwa, kwoba gukorana n’amakungu, cane cane ibihugu bitanga imfashanyo, mu mugambi wo guhimiriza president Kabila kugira ngo ahe ikibanza abatavuga rumwe na reta, bashobore kwidegemva mu vyerekeye politike, hamwe no kwemera kubazwa amakosa yakozwe; ati iivyo nivyo bintu bitegerezwa kubanza gukorwa, imbere yo kubandanya canke kubanza gusubira inyuma kuraba amahinyu yabaye.

Ati ku vyerekeye amatora naho, umurwi ujejwe gutunganya amatora, ukwiye gusubirwamwo, ngo kuko uyo murwi werekanye kw’ufise uruhande wegamiye. Ati kugira rero abanyagihugu bo muri Congo basubire kugira uruhara mu matora, uyo murwi utegerezwa kuba urimwo abantu bizigiwe na bose, ata ruhande begamiye.

Umuvugizi wa department ya reta ya Amerika, Victoria Nuland nawe nyene yaravuze imigambi ya reta zunze ubumwe za amerika, mu ntara ya Afrika y’ibiyaga binini: Yagize ati:

Reta zunze ubumwe za amerika ziriko zirarondera uburyo bwo gu korana n’ibihugu bisanzwe bicuditse nazo hamwe n’amashirahamwe, arimwo, umurwi ujejwe iyo ntara witwa The Great Lakes contact group, kugira tunagure itegurwa ry’amatora, maze amatora azoba muri kazoza mu gihugu ca Republika ya Congo iharanira demokrasi, abe amatora azokwizigirwa. Ati nk’uko secreteri wa department ya reta ya amerika yabitangaje mu misi iheze, reta zunze ubumwe za amerika zarababajwe n’ingingo yafashwe na sentare nkuru y’igihugu ca Congo, yo kwemeza ibiharu vy’amajwi vyatangajwe n’umurwi ujejwe gutunganya amatora , itabanje kwihweza neza ubusuma bwabaye mur’ayo matora. N’ukuvuga rero kw’amatora yatunganije nabi yongera akoreshwa nabi. Ati ayo matora, ntiyatunganijwe ku mugaragaro, kandi ntiyari yakwije ibintu bisabwa kugira ngo amatora yitwe kw’aramatora abaye mu mwidegemvyo no ku mugaragaro, nk’uko twabibonye mu matora atari make yakoreshejwe mu nzira ya demokrasi, ahandi.

Ku kibazo c’ikintu reta zunze ubumwe za amerika, zizokora ku murwi urwanya ubutegetsi mu gihugu ca Uganda, LRA, umuvugizi wa department ya reta ya Amerika, Vicotira Nuland yagize ati:

Turashigikiye igihugu ca Uganda. Ati turashigikiye igihugu ca Republika iharanira demokrasi ya Congo. Ati turashigikiye kandi ibindi bihugu biriko biragerageza gutuza umuhari Lord’s Resistance Army. Ati twarongereje igitigiri c’abahanuzi hamwe n’abamenyereza. Ati twebwe ubwacu, nta ruhara dufise ku rugamba, ivyo birazwi.

XS
SM
MD
LG