Uko wahagera

Ururimi gw'igiswahili rugiye kwemwerwa n'amategeko mw'Ishirahamwe EALA


Abakuru b'ibihugu vya EAC
Abakuru b'ibihugu vya EAC

Inama Nshingamateka y'Umuryango wa Afurika y'Ubuseruko yemeje ko ururimi rw’ igiswahiri rugiye kuba ururimi ruzwi kandi rwemerewe n’amategeko.

Urwo rurimi rugiye gutangura gukoreshwa mur’uyo muryango mu bikorwa vyose, iruhande y’ururimi gw'icongereza gwari rusanzwe arigwo rwemewe n’amategeko.

Inama nshingamateka y’Umuryango wa Afurika y’Ubuseruko, yasavye Abakuru b'Ibihugu bihurikiye mur’uyo muryango ko mu nama yabo isanzwe izokorana mu mpera z'uyu mwaka, yohindura amategeko agenga uyo muryango maze igiswahili kigahabwa ikibanza gikwiye.

Umukuru w'iyi nama nshingamateka yemeye ko agiye gukorana n'umunyamabanga mukuru wa EAC kugira ivyo biyemeje bishobore kuja mu ngiro.

XS
SM
MD
LG