Uko wahagera

Libiya: Guha Intwaro Abarwanya Isis?


military clashes
military clashes

Umuhari w’intagondwa wa Reta ya Kiyisilamu ubandanya ukomera mu gihugu ca Libiya.

Ibisata bijejwe iperereza vya Reta zunze Ubumwe z’Amerika bimenyesha ko igitigiri c’abarwanyi b’umuhari wa Reta ya Kiyisilamu ciyongereye incuro zibiri, ubu kigeze ku barwanyi bashika 6,500. Bamenyesha ko uwo muhari wagize ikirindiro gikomeye mu gisagara ca Sirte.

Mugihe Abanyepolitike ba Libiya bananiwe no gushinga reta y’ubumwe, abahinga bamenyesha ko uburyo bwiza bwo guhagarika umuhari wa Reta ya Kiyisilamu ar’uguha uburyo imirwi y’abarwanyi mur’ako karere ikaba ariyo itana mu mitwe n’uwo muhari.

Umukuru w’umugwi wa ONU muri Libiya Martin Kobler yaragabishije mu ndwi iheze ko umuhari w’intagondwa wa Reta ya Kiyisilamu uriko urakomera kuko abanyepolitike batumvikana.

Amenyesha kandi ko ushobora gutandukira no mu bihugu bibanyi

XS
SM
MD
LG