Uko wahagera

Muri Iraki, Umushikiranganji wo kwivuna abansi yakombowe mu mabanga yiwe


Umushikiranganji Khaled al-Obeidi
Umushikiranganji Khaled al-Obeidi

Inama Nshingamateka mu gihugu ca Iraki yaraye ikomboye Umushikiranganji wo kwivuna abansi. Khalid al Obeidi, akombowe mu gihe Iraki iriko iritegura kugwanya Reta ya Kisilamu mu gisagara ca Mossoul. Obeidi yagirizwa kurya ibiturire, akaba ariwe mushikiranganji yar’asigaye muri Reta yar’igizwe ahanini n’abo mu bwoko bw’aba chiites.

Abbas Kadhim, umunya iraki yaminuje muvya politike, yanditse k’urubuga gwa twitter ko ugukombogwa kwa Khalid al Obeidi gufise uruhara mu rugamba gwo kugwanya igiturire, Kadhim ariko akavuga ko ku bwiwe imvo zamukuye ar’iza politike.

Ikigo kijejwe ivyigwa vy’ingwano catangaje ko ikombogwa rya Obeidi ritazokworohereza ibitero igisirikare ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika kigamije gukorana n’igisirikare ca Iraki, mu ntumbero yo gutuza abagwanyi ba Reta ya Kisilamu mu gisagara ca Mossoul. Ico kigo kimenyesha ariko ko igikorwa cobangamigwa ari hamwe uwumusubiriye yoza atumvikana n’ugwo runani ruhasanzwe.

XS
SM
MD
LG