Uko wahagera

Inteko za Reta ya Iraki Zagaruje Igisagara ca Ramadi.


Inteko za Reta y’igihugu ca Iraki zarasubiye kwigarurira ibice vy’igisagara ca Ramadi abarwanyi b’umurwi wa Etat Islamique bari bafashe mu ntango z’uyu mwaka. Ivyo vyatangajwe n’abategetsi b’igihugu ca Iraki kuwa kabiri taliki 8 y’ukwezi kwa 12 umwaka wa 2015.

Ugusubira kwigarurira ivyo bice n’intsinzi ikomeye ku nteko zishigikiye Reta ya Iraki, zari zimaze amezi atari make zitana mu mitwe n’intagondwa z’umurwi Etat Islamique mu karere ka Ramadi.

Zifashijwe n’ibitero vy’indege z’ingwano z’urunani ruyobowe na Amerika, inteko z’igihugu ca Iraki zashimikiye ku vyerekeye gukikuza igisagara ca Ramadi n’ugutuma ata gisohoka canke ngo cinjire muri ico gisagara imbere yuko bagira igitero c’ugusubira gufata ico gisagara.

Inteko za Reta zaragize ibibazo ku vyerekeye kugira intambwe ziboneka mu gutuza abarwanyi b’umurwi Etat Islamique, zigaruriye ibice bitari bike mu bihugu vya Iraki na Syria.

XS
SM
MD
LG