Uko wahagera

Inzara irarembeje abanyagihugu bo mu buraruko bwa Nijeriya


abanyagihugu bo mu buraruko bwa Nijeriya bahunze inzabo
abanyagihugu bo mu buraruko bwa Nijeriya bahunze inzabo

Mu buraruko bushira ubuseruko bw’Igihugu ca Nijeriya, ku mugwa mukuru w’Igisagara ca Borno, I Maiduguri, havugwa inzara ibica bigacika.

Inyuma y’imyaka indwi abagwanyi ba Boko Haram bakora ibitero ku basirikare ba Nijeriya, bagahitana ibiterwa, bakiba n’ibitungwa, imiryango itari mike yarahunze ico gisagara. Ubu abarenga umuliyoni bataye izabo bugarijwe n’inzara hamwe n’ibibazo vyo gufungura nabi.

Kuber’iyo nzara, impfu zariyongeye. Muganga Ali, akorera mu bitaro biri mu gisagara ca Maiduguri avuga ko mu kwezi guheze kw’umunani, abantu bashika kuri 72 bapfuye bivuye k’ukudafungura neza.

Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU rimenyesha ko abana bashika kw’184 aribo bashobora kuza barapfa k’umunsi, ari hamwe atagikozwe.

XS
SM
MD
LG