Uko wahagera

Israyeli iregwa gusubira kwubaka mu karere ka Cisjordanie


Intara ya Cisjordanie, yigaruriwe na Isirayeli
Intara ya Cisjordanie, yigaruriwe na Isirayeli

Ibiro vy’Umukuru w’Igihugu ca Reta Zunze Ubumbwe za Amerika bimenyesha ko bibabajwe cane n’umugambi wa Israyeli wo kubandanya yubaka k’ubutaka bw’intara ya Cisjordanie.

Mark Toner, umuvugizi muri Departema ya Amerika amenyesha ko Isirayeli itariko irorohereza na gato ku bijanye no gutora umuti w’amatati ari hagati y’ivyo bihugu bibiri, kandi ko bibangamira demokarasi yayo. Amerika imenyesha ko imaze imyaka 50 yamirira kure ibikorwa vy’abayahudi, kandi ko vyabaye intambamyi y’amahoro.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire ya Isirayeli n’ayandi makungu buramirira kure ivyo birego. Mw’itangazo bwasohoye kur’uyu wa gatatu, bumenyesha ko inyubakwa zivugwa ko ziriko zirubakwa kur’ubwo butaka ar’inyubakwa zari zihasanzwe, kandi ko Isirayeli itariko iriyagurira imbibe.

Mur’iryo tangazo, Umushikirangaji ajejwe imigenderanire ya Isirayeli n’ayandi makungu amenyesha ko intambamyi y’amahoro ar’uko Palestina iterekwa Reta y'Abayahudi.

XS
SM
MD
LG