Uko wahagera

Perezida Salva Kiir wa Sudani y'Ubumanuko Yemeye Inteko Mvamakungu


Perezida Salva Kiir wa Sudani y’Ubumanuko yaraye atangaje ko yemeye ingingo y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU ijanye no kurungika inteko mvamakungu zigera ku 4000 aho muri Sudani y’Ubumanuko.

Iyo ngingo ya Perezida Kiir yasohotse kur’uyu w’Imana, inyuma y’aho umugwi ugizwe n’abantu 15, w’akanama k’umutekano ka ONU ugiriye urugendo kur’uyu wa gatadantu I Juba, ku mugwa mukuru wa Sudani y’Ubumanuko.

Ingingo y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU yo kurungika inteko mvamakungu muri Sudani y’Ubumanuko yari yasohotse mu kwezi guheze. Perezida Salva Kiir akaba yari yarayihakanye.

Iryo tangazo ntirivuga igihe izo nteko mvamakungu zizoshika aho muri Sudani y’Ubumanuko. Zikazoba ziyongeye ku bandi basanzwe mur’ico gihugu bashika ku 12.000 b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, igikorwa c’abo kikaba ar’urugukingira abanyagihugu.

Mur’urwo rugendo, intumwa z’aka nama k’umutekano za ONU zaragendeye ikambi nini y’impunzi iri ku murwa mukuru wa Sudani y’Ubumanuko I Juba. Ikambi isanzwe icungerewe na ONU.

Inyuma y’aho, Samantha Power, aserukira Leta Zunze ubumwe z'Amerika mw’Ishirahamwe ONU, yavuze ko urwo rugendo ar’urugendo rukomeye, kuko rubafasha kwibonera ingaruka mbi z’uburyo abarongozi ba politike baba barananiwe no kugarukana amahoro mu bihugu vyabo.

XS
SM
MD
LG