Inama nshingamateka y’Uburundi kuwa gatanu taliki 1 ukwezi kwa 4 umwaka wa 2016, yemeje ijana kw’ijana integuro z’amategeko abiri agenga ibigwanisho bicira umuriro. Integuro y’itegeko rya mbere n’iyigenga igenzurwa ry’ibigwanisho bicira umuriro muri Afrika yo hagati, irya kabiri naryo n’iry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rigenga urudandazwa rw’ibigwanisho kw’isi. Umushikiranganji ajejwe umutekano w'Uburundi Alain Guillaume Bunyoni yishuye ibibazo vy’abashingamateka ku bijanye n’izo nteguro z’amategeko. Umunyamakuru w’Ijwi ry’Amerika Evariste Nzikobanyanka yari ahari adutegurira iyi nkuru.