Uko wahagera

Siriya: Amerika yahagaritse ibiganiro n'Uburusiya


Umushikiranganji wa Amerika, John Kerry, na mugenzi Sergei Lavrov w'Uburusiya.

Umushikiranganji wa Amerika, John Kerry, na mugenzi Sergei Lavrov w'Uburusiya.

Umushikiranganji wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’ayandi makungu, John Kerry amenyesha ko agiye guhagarika ibiganiro n’Igihugu c’Uburusiya ku bijanye n’intambara iri muri Siriya.

Ivyo Umushikiranganji Kerry yabishikirije kur’uyu wa kane, inyuma y’aho Igihugu c’Uburusiya kimenyeshereje ko kizobandanya ibitero vy’indege mu gisagara ca Alepo, muri Siriya.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika yabandanije gusaba Uburusiya ko bwokoresha inguvu bufise mu gutegeka Reta ya Bacha Al Assad wa Siriya gutanga agahengwe k’intambara, yamara Reta ya Siriya yaciye igwiza ibitero vyayo ku banyagihugu aho bari mu kambi y’impunzi, ibitaro no mukubuza imfashanyo yose igenewe abo banyagihugu kubashikira.

Ibiro vya Perezida Obama bimenyesha ko intambwe yakozwe mu kwigizayo Reta ya Kisilamu yar’ikwiye no kugaragara m’ugutanga agahengwe ku ntambara imaze imyaka itanu ibangamiye abanyagihugu bo muri Siriya.

XS
SM
MD
LG