Uko wahagera

Intambara Yasubiye Kwaduka muri Sudani y'Ubumanuko


Abagwanyi bayoboka Riek Machar, yahoze ari Icegera c'Umukuru w'Igihugu muri Sudani y'Ubumanuko.

Abagwanyi bayoboka Riek Machar, yahoze ari Icegera c'Umukuru w'Igihugu muri Sudani y'Ubumanuko.

Igisirikare muri Sudani y’Ubumanuko kimenyesha ko catanye mu mitwe n’imigwi y’abitwaje ibigwanisho, abashika ku 50 mur’abo bagwanyi bagapfa, abatari bake bagakomereka, n’abashika ku 200 bafashwe n’igisirikare. Izo ntambara zabereye mu buraruko bw’igisagara ca Malakal, zatanguye ku munsi wa gatanu.

Lul Ruai Koang, umuvugizi w’Igisirikare amenyesha kw’abo bagwanyi ar’abayoboke ba Riek Machar, yahoze ar’icegera ca mbere c’Umukuru w’Igihugu, akavuga kandi ko igitigiri c’abahitanywe n’ico gitero gishobora kwiyongera. Ku ruhande gw’igisirikare ca Reta, Koang amenyesha ko hapfuye abasirikare bane, n’abashika ku 20 bakomeretse.

Koang avuga ko izo ntambara zatangujwe n’abagwanyi ba Riek Machar bateye ibirindiro vy’abasirikare, ku birometero 15 uva mu bumanuko bw’igisagara ca Malakak, akarere gasanzwe gacukugwamwo igitoro.

Koan amenyesha ko yatwaye abamenyeshamakuru mur’ako karere kabereyemwo intambara, yamara Umugwi w’abamenyeshamakuru ba Sudani y’Ubumanuko bamenyesha ko batashoboye kugendera ako karere mu mwidengemvyo.

Izo ntambara zadutse mu gihe mu ndwi iheze, Rieck Machar, yahoze ar’Icegera c’Umukuru w’Igihugu, akaba ari nawe murongozi w’abo bagwanyi, yatangaje mu ndwi iheze ko amasezerano y’amahoro yateweko igikumu mu kwezi kwa 12 kw’2013, ataco akivuze.

XS
SM
MD
LG