Uko wahagera

Sudani y'Ubumanuko Igiye Gusubira mu Ntambara


Muri Sudani y’Ubumanuko, Umuhari Cobra uharanira Demokarasi, wahoze ku rugamba, uyobowe na David Yau Yau, umenyesha ko ugiye gusubira mu ntambara yo kugwanya Perezida Salva Kiir. Ivyo vyatangajwe n’umuvugizi w’uwo muhari, Kernoy Philip Kadal, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, ari mu gihugu ca Kenya.

Kadal avuga ko Perezida Kiir atashize mu ngiro ivyo bari bumvikanye vyose mu masezerano yo guhagarika intambara, amasezerano yateweko igikumu mu kwezi kwa 5 umwaka w’2014. Uwo mugwi umenyesha ko ugiye gukorana n’iyindi mihari mur’iyo ntambara yo gutembagaza Perezida Kiir.

Amasezerano y’amahoro yo mu 2014, yari yatumye haba kugabura igisagara ca Jonglei, citandukanya n’intara ya Pibor. Yamara Perezida Salva Kiir, yahavuye atunganya gushasha intara, azikura kuri 10, azishira kuri 21, bituma ubwingenge bw’intara ya Pibor bubangamigwa.

XS
SM
MD
LG