Uko wahagera

Siriya: Abaganga Barafise Amakenga


Umugwi w’abangaga basanzwe bakorera mu gisagara ca Aleppo, mu buraruko bwa Siriya, warungikiye urwandiko Perezida Barack Obama, wa Leta zunze Ubumwe z'Amerika.

Bavuga uburyo ico gisagara kimerewe nabi, bongera basaba ko hofatwa ingingo zo guhagarika ibitero bikorerwa abanyagihugu bo muri Aleppo.

Aleppo, gisanzwe ar’igisagara ca kabiri mu bunini, aho muri Siriya, cugarijwe n’intambara zimaze imyaka itanu, hagati y'inteko za reta hamwe n'abayirwanya.

Nkuko uwo mugwi w’abaganga ubandanya ubivuga, ibitero vyabaye ku nyubakwa z’ibitaro, ari hamwe bibandanije, bikazotuma mu kwezi kuza, ata buvuzi buzoba bukirangwa aho mu gisagara ca Aleppo.

Elizabeth Trudeau, umwe mu bategetsi b'Amerika yatangaje ko ibitero ku banyagihugu bitegerezwa guhagarara, avuga ko Amerika iter’ivyatsi ibitero bikorwa n’intwaro ya Perezida Assad, ku nyubakwa z’ibitaro, n’ahandi mu banyagihugu bo muri Aleppo.

Elizabeth Trudeau, yavuze kandi ko Amerika, ifadikanije na ONU, hamwe n’Uburusiya, biriko birakorana kugira bigarukane amahoro arama aho muri Siriya, bongera bagerageza guc’umuhora wo gucishamwo imfashanyo zo gufasha abugarijwe mur'iyo mirwano.

XS
SM
MD
LG