Uko wahagera

Reta ya Siriya Yigaruriye Igisagara Gikomeye Muri Aleppo


Abasirikare aho bagenzura igisagara casambuwe n'intambara
Abasirikare aho bagenzura igisagara casambuwe n'intambara

Reta ya Siriya imenyesha ko igisirikare cayo, gifatikanije nic’Uburusiya, vyigaruriye igisagara gikomeye ca Masakan Hanano, kiri mu ntara ya Alepo, cari gituyemwo abasanzwe bagwanya Reta ya Siriya, kuva mu mwaka w’2012.

Umugwi w’abaharanira agateka ka zina muntu muri Siriya, wari watangaje mu ndwi iheze ko ari hamwe Reta ya Siriya yokwigarurira igisagara ca Masakan Hanano, vyoca biyiha uburenganzira no kubindi bisagara bitari bike, ahasanzwe haba abatavuga rumwe na Reta.

Rami Abdel Rahman, arongoye Umugwi w’abaharanira agateka ka zina muntu, amenyesha ko ifatwa ry’ico gisagara rituma intara ya Aleppo igabugwamwo imice ibiri.

XS
SM
MD
LG