Uko wahagera

Ingwara Ifatira mu Ngurube (Colibacillose) mu Burundi


Mu Burundi, inkuru ziheruka gutangazwa zivuga ko har’ ingwara yatowe mu ngurube mu buraruko bw’ igihugu mu ntara ya Muyinga, ingwara bivugwa ko imaze guhitana ingurube ijana na mirong’ itanu mu kiringo c’ ukwezi kumwe gusa. Izo nkuru zatangajwe n’ abategetsi bajejwe uburimyi n’ ubworozi mur’ iyo ntara.

Iyo ngwara, yitwa Colibacillose mu gifaransa, iyo ifashe ingurube, izo ngurube ntiziba zigishaka gufungura, ziragira umucanwa mwinshi, ivyo zishoboye gufungura navyo biragaruka ntibiguma mu nda. Har’ abantu benshi bibaza rero niba bakwiye kubandanya bafungura inyama z’ ingurube mur’ iki gihe kubera bafise amakenga ko ugufungura izo nyama bishobora kugeramira amagara yabo kubera iyo ngwara yo mu ngurube.

Mu kiganiro twagize na Docteur Felix Benimana, umuganga w’ ibitungwa yavuze ko abantu badakwiye kugira ubwoba ko iyo ngwara ibafata, ariko yavuze yavuze ko abatunze ingurube bakwiye gukingira ibitungwa vyabo cane cane mu kubigumiza kure n’iyibamaze kugwara.

XS
SM
MD
LG