Uko wahagera

Ingingo Yiyamiriza Joseph Kony Muri Senat ya Amerika


-Joseph Kony
-Joseph Kony

ry’Prezida Obama yararungitse abasirikare bagera kw’ijana mu gihugu ca Centrafrique gufasha kugwanya umugwi Lord’s Resistance Army

Umugwi w’aba Senateurs baturuka mu migambwe uko ari ibiri muri Amerika y’aba Democrates n’aba Republicains barashikirije ingingo yiyamiriza umugwi ugwanya ubutegetsi bw’igihugu ca Uganda, Lord’s Resistant Army n’umukuru wawo ku vyaha bityoza agateka ka muntu.

Ica gatatu c’aba Senateurs barashigikiye iyo ngingo igenewe umugwi ugwanya ubutegetsi bwa Uganda, Lord’s Resistance Army n’umukuru w’uwo mugwi, Joseph Kony.

Senateur, Chris Coons ejo ku musi wa gatatu yagirije Kony ivyaha bityoza agateka ka muntu akaba yatangaje we n’abandi bategetsi b’abagwanyi biwe bategerezwa kubazwa ivyaha vyo mu ngwano bakoze.

Umugwi Lord’s Resistance Army uzwi ku vyerekeye kunyuruza abantu, kwica n’ugutuma abana binjira mu bagwanyi biwe ku nguvu m’ukugwanya Reta ya Uganda.

Mu kwezi kw’icumi mu mwaka w’2011, prezida wa Amerika, Barack Obama yatangaje ko yarekuriye irungikwa abasirikare bagera kw’ijana mu gihugu ca Centrafrique gufasha kugwanya umugwi Lord’s Resistance Army.

XS
SM
MD
LG