Uko wahagera

Ingene abanyagisagara ca Bujumbura babona amatora y’2015


Abanyagihugu baba mu gisagara ca Bujumbura babwiye Ijwi rya Amerika ko batiteguye kuja mu matora yo kur’uyu wa mbere itariki 29/06/2015.

Bamenyesha ko ata mutekano uhari, ko abanyagisagara benshi bataye ingo zabo bahungira hanze y’igihugu batibagiye abanyepolitike bari mubitoza bahunze.

Bavuga ko ayo amatora adahurikiwemwo na bose, ko badashobora kwitaba amatora y’umugambwe umwe. Kandi ngo ayo matora yaramaze kwibwa.

Hari ibihuha bivuga ko hari intambara iriko irategurwa kandi bamwe baracakekeranya kuja gutora canke kwigumira mumihana.

Ngo ntama radio bacumviriza ababwira inkuru z’ubwicanyi ziba, ngo bazimenya vyamaze kuba. Basaba ko amatora yokwegezwa inyuma.

XS
SM
MD
LG