Uko wahagera

Indege z’Ishirahamwe Otan, Zarahushije, Maze Zigandagura Abasivile Mu Gihugu Ca Libya


Indege z’Ishirahamwe Otan, Zarahushije, Maze Zigandagura Abasivile Mu Gihugu Ca Libya
Indege z’Ishirahamwe Otan, Zarahushije, Maze Zigandagura Abasivile Mu Gihugu Ca Libya

Ishirahamwe Ottan, ku musi wa mungu, ryameye kw’ibitero vy’indege vyaryo vyakozwe ku mpanuka, vyahitanye ubuzima bw’abasivile, ku murwa mukuru Tripoli.

Iryo shirahamwe ryavuze kw’ivyo bitero vy’indege, vyari vyatewe ku kibanza kibikwamwo ibigwanisho vya missile ku murwa mukuru Tripoli, ejo ku musi wa mungu, yamara ngo ikigwanisho kimwe nticaguye aho cari catewe, ngo kubera kitakoze neza. Ishirahamwe Ottan, ryaratangaje ko ribabajwe n’abasivile bahasize ubuzima.

Abategetsi bo mw’ishirahamwe Ottan, ejo ku musi wa mungu, bavuze kw’indege z’iryo shirahamwe, zarashe mu mihana, maze zica abantu icenda. Abana babiri, bari mu bantu baguye mur’ivyo bitero.

Bubaye ubugira kabiri, ishirahamwe Ottan ryemeye kw’ibitero vy’abasirikare baryo vyahitanye ubuzima bw’abasivile. Ku musi wa gatandatu, ishirahamwe Ottan, ryaremeye kw’indege yaryo, yarashe umurongo w’abarwanya ubutegetsi, hafi y’ihinguriro ry’ibitoro ryo mu gisagara ca Brega. Igitigiri c’abantu baguye mur’ico gitero, ntikiramenyekana.

Mu bindi bice vyo mu gihugu ca Libya, ejo ku musi wa mungu, abarwanya ubutegetsi hamwe n’abategetsi bajejwe amagara y’abantu mu gihugu, bavuze kw’ingwano yabereye mu gisagara co mu burengero, Misrata, kiri mu minwe y’abagwanya ubutegetsi, yahitanye ubuzima bw’abantu icenda, yongera ikomeretsa abandi barenga 50.

Abo bategetsi bavuze kw’abasirikare ba Moammar Gadhafi bakoresheje ibigwanisho bikomakomeye mu gisagara ca Dafniya, kiri mu burengero bw’igisagara ca Misrata.

XS
SM
MD
LG