Uko wahagera

Indege za Kajugujugu z'Ishirahamwe O-N-U Zarateye Ibibanza vy’Abagwanya Ubutegetsi bwa Congo

  • VOA

Umuvugizi wa Republika iharanira Demokrasi ya Congo, Lambert Mende yabwiye Ijwi rya Amerika ko hari abahasize agatwe abandi barakomereka mu kurasana kwabaye ejo ku musi wa kane.

Indege za kajugujugu z’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, zarateye ibiba nza vy’umugwi ugwanya ubutegetsi bwa Congo, M23 mu buseruko bw’igihugu.

Umuvugizi wa Republika iharanira Demokrasi ya Congo, Lambert Mende yabwiye Ijwi rya Amerika ko hari abahasize agatwe abandi barakomereka mu kurasana kwabaye ejo ku musi wa kane.

Mende avuga umugwi M23 warashe mu mihana y’ahitwa Runiga, bica abantu batatu bifatiye ku nkuru bafise. Amenyesha kw’igisirikare cabo categerejwe kwishura kubera categerezwa gukingira abasivile.

Mu gihugu ca Ethiopia, Republika iharanira demokrasi ya Congo n’ibindi bihugu vyo muri Afrika yo hagati vyaremeye gukra kugira bizimanganye umugwi M23 n’iyindi migwi igwanya ubutegetsi mu buseruko bwa Congo.

Urwanda narwo nyene rwatangaje ko rwemeye kwongereza igenzurwa ry’urubibe ryayo na Congo.

XS
SM
MD
LG