Uko wahagera

USA: Abantu Icenda Bakomerekeye mu Ndege Yahiye


Indege y'Ishirahamwe American Airlines yahiriye ku kibuga c'indege ca Chicago, muri Amerika
Indege y'Ishirahamwe American Airlines yahiriye ku kibuga c'indege ca Chicago, muri Amerika

Indege y’Ishirahamwe American Airlines yahiriye ku kibuga c’Indege mpuzamakungu ca Chicago, hano muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, kur’uyu wa gatanu.

Iyo ndege yarimwo abantu bashika kw’Ijana na mirongo itandatu n'umwe. Abantu icenda nibo bakomeretse.

Ishirahamwe American Airlines imenyesha ko igihe iyo ndege yafatwa n’umuriro, yariko yitegura kuguruka, igana igisagara ca Miami, muri Reta ya Florida, mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Amerika. Iyo ndege ikaba yagize ikibazo mu moteri yayo.

Ivyo vyatumye kandi ibibanza bitari bike vy’ico kibuga c’indege vyugagwa.

XS
SM
MD
LG