Uko wahagera

Icegeranyo kw'Iyicwa ry'Abamenyeshamakuru


Umugwi ujejwe gukingira abamenyeshakuru, CPJ
Umugwi ujejwe gukingira abamenyeshakuru, CPJ

Umugwi ujejwe gukingira abamenyeshamakuru, CPJ mu mpfunyapfunyo, umenyesha ko mirongo icenda n'abatanu kw’ijana y’abamenyeshamakuru bishwe mu kiringo c’imyaka cumi iheze, ar’abamenyeshamakuru b’imvukira. Icegeranyo casohowe n’uwo mugwi, kivuga kandi ko benshi mu bagirwa n’ubwo bwicanyi badaheza ngo bahanwe.

CPJ ivuga ko ukudahana ivyaha biri mu bibangamira ubwigenge bwo kumenyesh’amakuru. Elisabeth Witchel, umuhinga akorera CPJ, avuga ko Igihugu ca Sudani y’Ubumanuko kiza ubugira gatanu mu bihugu abamenyeshamakuru bicwa atacamira.

Igihugu ca Somaliya naco nyene kiri mu bihugu abamenyeshamakuru babangamiwe, aho umugwi al-Shabab uhiga buhongo abamenyeshamakuru. M’ur’uyu mwaka w’2016, Iraki na Siriya biza ubwa kabiri n’ubwa gatatu k’urwo rutonde.

Abamenyeshamakuru bishwe ahanini baba bariko bakorera ku bibazo bijanye na politike canke ibiturire. Ibice mirongo ine kw’ijana vy’abishwe bakaba babanje guterwa ubwoba na banye kubica.

XS
SM
MD
LG