Uko wahagera

Inama Nshingamateka yo mu Burundi Yaraye Ishinze Imugwi Wigenga w'Agateka ka Zina Muntu


Ibijanye no guhonyanga agateka ka zina muntu mu Burundi vyari bisanzwe bitifashe neza; abantu baguma bicwa ku musi ku musi n'imigwi y'abantu bitwaje ibigwanisho

Igikorwa co gushinga uwo mugwi w'agateka ka zina muntu nticoroheye abashingamateka kuko itegeko riwugenga ryasaba ko ibibazo vy'ubwoko,ibitsina n'intara vyubahirizwa mu ntumbero isaba ko ubwoko bwose,ibitsina n'intara biserukirwa. Uwo mugwi ugizwe n'abantu indwi vyumvikana ko intara cumi n'indwi zigize Uburundi zitashobora guserukirwa zose. Icibonekeje kandi n'uko ubwoko bw'abatwa butaserukiwe. Umukuru w'inamanshingamateka Pie Ntavyohanyu asaba abagiye kurongora uwo mugwi kwitwararika ico kibazo.

Ubwoko bw'abatwa butaronse ikibanza mur'uwo mugwi bugizwe n'abantu batazwi neza igitigiri ariko amatohoza amwe amwe avuga ko bashika igice kimwe kw'ijana vy'Abarundi bose. Abakurikirana ivy'agateka ka zina muntu baravuga ko abo bantu babayeho nabi cane,ko bagiye bakumirwa kuva kera gushika aho umutwa adashobora kurongora umuhutu canke umututsi,bafise ibibazo vy'amatingo, vyo kudashobora kwivuza no kwiga.

Ibijanye no guhonyanga agateka ka zina muntu mu Burundi vyari bisanzwe bitifashe neza; abantu baguma bicwa ku musi ku musi n'imigwi y'abantu bitwaje ibigwanisho bakagiriza reta ko itabakingira bikwiye,ivyo gufata abakenyezi ku guvu bibandanya vyiyongera co kimwe n'ibitigiri vy'abana bari mu mabohero,bavukirayo canke bakurikiranwa ku vyaha ibi canke biriya. Umugwi w'abanyamwema nawonyene uri mu migwi ibangamiwe n'ihonyarwa ry'agateka ka zina muntu. Aha umuntu yokwibaza inyishu uwo mugwi ushobora gutanga kur'ivyo bibazo.

Uwurongoye umugwi ni umufurera wo mw'idini ya katurika. Amatora akirangira Ijwi rya Amerika yarabajije umunyamabanga nshingabikorwa w'ishirahamwe ry'agateka ka zina muntu ligue Iteka ico yibaza kur'uwo mugwi. Edouard Biha avuga ko afise amakenga kubera urongowe n'umuntu ari mu bihebeye Imana nabo kenshi ngo bakaba badakunda kubona kumwe ibibazo bimwe bimwe bijanye n'ihonyarwa ry'agateka ka zina muntu.

Umugwi washinzwe ugizwe n'abahutu bane n'abatutsi batatu. Mur'abo bantu indwi bavuye mu mashirahamwe adaharanira inyungu za poritike harimwo abakenyezi batatu.Inama nshingamateka yagiye igosora mu gutanga ibibazo mu bantu benshi bari basavye. Inshingwa ry'uwo mugwi ryari muri bimwe amakungu yasaba reta y'Uburundi kugira imfashanyo zize uko zemewe.Igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu cari catangaje mu kwezi guheze i Geneve ko Uburundi bumaze imyaka cumi n'umwe budatanga raporo y'ivy'agateka ka zina muntu ibihugu vyose bitanga ku mwaka ku mwaka. Umuntu yokwibaza ko iyo raporo igiye kuza iraboneka.

XS
SM
MD
LG