Uko wahagera

Imyiyerekano y’Ukwiyamiriza Ukwigungirako kw’Amashirahamwe Yaratandukiye Ibice Bitandukanye vyo Kw’isi


Imyiyerekano y'Ukwiyamiriza Ukwigungirako kw'Amashirahamwe Akorera Inyungu
Imyiyerekano y'Ukwiyamiriza Ukwigungirako kw'Amashirahamwe Akorera Inyungu

Igipolisi I New York carahagaritse abantu barenga mirongo irindwi bari mu myiyerekano, harimwo abatari bake mu kibanza ca Times Square.

Igipolisi I New York carahagaritse abantu barenga mirongo irindwi bari mu myiyerekano, harimwo abatari bake mu kibanza ca Times Square.

Abantu ibihumbi n’ibihumbi bari mu myiyerekano barihereje ikibanza ca Times Square mu gisagara ca New York City, aho bahawe inguvu n’umusi w’imiyerekano kw’isi ishigikira umugambi wabo w’ukwezi w’ukwiyamiriza ukwigungirako kw’amashirahamwe muri Amerika.

Igipolisi cari gifise ibikoresho vy’ukugwanya I migumuko cari ku mafarasi caragerageje gutuza abanri mu myiyerekano muri ico kibanza.

Yari imwe mu myiyerekano itari mike yagirishijwe mu bice bitari bike vyo muri Reta z’unze ubumwe za Amerika, no mu bice bitandukanye vyo kw’isi ejo ku musi wa gatandatu, yafatiye ku muhari w’ugufata ikibanza c’amasoko y’imitahe ca Wall Street.

I Roma mu butaliyano, igipolisi cararashe imyuka ibabaza mu maso igihe igitigiri gitoyi c’abantu amajana n’amajana bari mu myiyerekano batangura kumenagura amadirisha n’ukwatsa imiriro.

I Londres mu Bwongereza, harabaye uguhangana hagati y’igipolisi n’abari mu myiyerekano bari bakoraniye hafi ya Cathedrale, St. Paul.

Imyiyerekano yarabaye kandi mu bihugu vya Australia, Nouvelle Zelande, Espagne, Ubudagi n’Ubufransa, aho abagize umugwi w’ibihugu mirongo ibiri bikomeye kurusha ibindi kw’isi mu vy’ubutunzi bakoraniye I Paris kugira baganire ibibazo vy’ubutunzi mu karere k’I Bulaya.

XS
SM
MD
LG